Uko wahagera

Amakungu Akomeje Gusaba Perezida Maduro wa Venezuela Kwegura


Bamwe mu bari mu nama yo kwiga ikibazo ca Venezuela muri Canada kuri uno wa kabiri
Bamwe mu bari mu nama yo kwiga ikibazo ca Venezuela muri Canada kuri uno wa kabiri

Ibihugu bikomeye bigize umuryango w'ubumwe bwa Buraya kuri uyu wa Mungu vyavuze ko bishigikiye umunyepoltike atavuga rumwe na reta ya Venezuela Juan Guaido akomeje kuvuga ko ari we ari Perezida w'infatakibanza.

Ivyo bihugu bifashe iyo ngingo mu gihe ibindi bihugu vya rutura biri mwo reta Zunze Ubumwe za Amerika bibandanya kuremera Perezida Nicolas Maduro ngo atange imihoho kandi areke igihugu gitunganye amatora y’umukuru w’igihugu mashasha.

Maduro wewe, arabandanya kwiyamiriza abamusaba gutanga imihoho, akaba arega Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko ziriko zitegura gutembaza ubutegetsi bwiwe. Vyongeye, yiyamirije imfashanyo y’ibifungurwa yihutirwa, Reta ya Amerika yashaka kurungika mu gihugu ciwe.

Ibihugu vyo mw’ishirahamwe rya Bulaya vyashigikiye umunyapolitike Juan Guaido ariko agwanira ubutegetsi na maduro, ni Espagne, Ubudagi, Ubufaransa hamwe n’Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG