Uko wahagera

Amerika Isaba Abakozi Bayo Badakenewe Cane kuva muri Venezuela


Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro
Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro

Reta zunze ubumwe za Amerika zategetse abakozi bayo badakenewe cane kuva muri Venezuela, ariko ambasade yo ku murwa mukuru Caracas izoguma yuguruye, ivyo vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Amerika ejo kuwa kane.

Ku musi wa gatatu, perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yavuze ko ahagaritse imigenderanire ya kidipolomasiya na Amerika inyuma y’aho Donald Trump atangarije ko Amerika ishigikiye umukuru w’inama nshingamateka, Juan Guaido nka perezida w’imfatakibanza.

Maduro yategetse abadiplomate ba Amerika kuba bavuye mu gihugu mu masaha 72. Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire, Mike Pompeo, we yavuze ko Maduro atagifise ubutegetsi bwo gukora ivyo.

Amerika ivuga ko iriko iratahukana abakozi badakenewe cane ku mvo z’umutekano wabo, kandi ko abanyamerika bakwiye kwiyumvira kuva muri ico gihugu.

Impari hagati y’amakungu ku wemewe n’amategeko nka perezida wa Venezuela zakomeye ejo kuwa kane, aho Ubushinwa n’Uburusiya bashikirije ko bashigikiye reta ya Maduro. Uburusiya bwagabishije Amerika ko buzobandanya bushigikiye Maduro no kutivanga mu burongozi bwa Venezuela.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG