Uko wahagera

Venezuela: Umuryango wa Juan Guaido Woba Ugirwako Iterabwoba?


Uwitangaje ko ari we perezida wa Venezuala, Juan Guaido aha ikiganiro abanyamakuru ari kumwe n'umugore wiwe Fabiana Rosales, n'umwana wabo yanze y'urugo rwabo

Juan Guaido atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Venezuela avuga ko abajejwe umutekano bagiye ku rugo ahaba umugore wiwe ku murwa mukuru Caracas ejo kuwa kane mu ntumbero yo kumugirako iterabwoba.

Amakuru yashikirijwe n’ibimenyeshamakuru bitandukanye yavuze ko abo basirikare mu nyuma baciye bava kuri iyo nyubakwa ataco bononye.

Senateri wa Reta zunze ubumwe za Amerika Marco Rubio mu butumwa bwiwe bwa Twitter yashikirije ko intumbero y’abo basirikare ba Maduro kwari ugutera ubwoba Guaido hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Amakuru yashikirijwe kw’italiki 30 z’ukwezi kwa mbere n’ikinyamakuru candika The New York Times, Guaido yavuze ko ibihugu birenga 50 vyamwemejwe nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, kandi yateye akamo umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres ko guha imfashanyo abanyavenezuela. Guaido avuga kandi ko yatanguye kugena abaserukira igihugu mu makungu kandi ariko ararondera ubutunzi bw’igihugu buri mu mahanga abutahukane mu gihugu.

Maduro yagiriza Reta zunze ubumwe za Amerika kuba gikorana n’abatavuga rumwe na reta mu ntumbero yo gukuraho reta yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG