Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro asaba uwo batavuga rumwe yiyise ko ariwe umukuru w’igihugu Juan Guaido ko bicarana bakaganira amaso mu yandi.
Maduro yagize ati "Reka tuvugane. Reka tuvugane ku bibazo bihanze igihugu cacu kandi tubironderere inyishu. Politike si umukino w’abana," Maduro yabishikirije mu kiganiro yashikirije kuri televiziyo.
Muri ico kiganiro cafashwe ku musi wa gatandatu gitangazwa ejo kuw’Imana Maduro yavuze ko ibimenyeshamakuru mpuzamakungu hamwe na za ambasade z’abanyamahanga ari vyo vyamamaza iciyumviro co gushinga reta ibangabanganwe n’iyihari kandi vy’ukuri itabaho.
Maduro yavuze ko Donald Trump, perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika ariko arakora amakosha kuko ngo agomba gusesa amaraso muri Venezuela.
Perezida Donald Trump yashikirije kuri uyu w’Imana ko kimwe muvyo Amerika ishobora gukora muri Venezuela ari ugukoresha inguvu za gisirikare.
Ivyo Trump yabishikirije mu gihe kuri uyu w’Imana arico kiringo ca nyuma Maduro yahawe na bimwe mu bihugu vya Bulaya ngo azobe yatunganije amatora mashasha y’umukuru w’igihugu.
Abategetsi babiri mu gisirikare hamwe n’umu ambasaderi umwe baratanze imihoho muri reta ku musi wa gatandatu kandi bemeza ko Guaido ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza.
Gushika ubu ntibiramenyekana abasirikare bashigikiye Guaido uko bangana.
Facebook Forum