Uko wahagera

Perezida wa Venezuela Aripfuza Kuganira na Trump


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Caracas, Venezuela, itariki 18/09/2018.
Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Caracas, Venezuela, itariki 18/09/2018.

Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro yabwiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ejo kuwa gatatu ko yipfuza kwicarana no kuganira na perezida Donald Trump bagerageze gutorera inyishu ibibatandukanya.

Maduro avuga ko naho hari ibibatandukanya ari ngombwa kuganira, yabibwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ejo kuwa gatatu.

Mwomenya ko Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano vy’ubucuruzi igihugu ca Venezuela inyuma y’amatora Amerika ivuga ko yararanzwemwo amanyanga. Ni amatora yatsinzwe na Perezida Nicolas Maduro.

Ivyo bihano vyasinywe na Perezida Donald Trump bihagarika ubucuruzi bw’ibikomoka kuri peteroli hagati y’ibihugu vyompi uko ari bibiri. Venezuela gisanzwe kiri mu bihugu biza kw'isonga mu gucukura no kugurisha ibikomoka kuri peteroli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG