Ibihumbi vy’abanyagihugu batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Venezuela barongowe n’uhureruka kwitangaza ko ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza Juan Guaido, ku musi wa gatatu basavye abasirikare kwitandukanya na perezida Nicolas Maduro kandi bemere imfashanyo zishobore kwinjira gufasha abanyagihugu.
Abanyagihugu bihereje amabarabara ku murwa mukuru Caracas hamwe no mu bindi bisagara bafise ivyandiko kandi baririmba indirimbo zisaba abasirikare kwisubiza agateka bakitandukanya n’intwaro y’agahotoro.
Imbere y’iyo myiyerekano, Maduro yari yagerageje gukoranya abasirikare bashika 2500 ku murwa mukuru asaba ko baguma biyunze kandi abagabisha ko hari abasirikare b’abacangero mu gihugu.
Guaido w’imyaka 35 y’amavuko akaba arongoye inama nshingamateka, ariko agerageza kuremera Maduro ngo ave ku butegetsi kugira ashinge reta mfatakibanza izoca itunganya ayandi matora mashasha y’umukru w’igihugu.
Guaido ashigikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’ibindi bihugu vyo muri Amerika y’epfo. Ibihugu bitandatu vya Bulaya vyasavye gutunganya ayandi matora bitarenze mu mpera z’iyi ndwi, bitar’uko bazoca bemeza Guaido nk’umukuru w’igihugu.
Facebook Forum