Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Sosiyete ya Venezuela y'Ibitoro CITGO


CITGO

Reta zunze ubumwe z’Amerika yafatiye ibihano Sosiyete y’ibitoro, PDVSA, iri mu minwe ya Reta ya Venezuela. Ni mu vyo ivuga ko ishaka gukingira amatungo y’abanyavenezuela.

Umuhanuzi wa Prezida Trump ku bibazo vyerekeye umutekano, John Bolton, yatangaje ku musi wa mbere ko abanyavenezuela barambiwe ikandamizwa n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi vyatewe na Prezida Nicholas Maduro na Reta yiwe. Bolton yatangaje ko ingingo bafashe izotuma abategetsi ba Venezuela badasubira gusahura amatungo y’abanyavenezuela.

Ibihano sosiyete y’ibitoro ya Reta, PDVSA yafatiwe, bizotuma amatungo yayo yose azibirwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Amasosiyete yo muri Amerika n’abanyagihugu baho ntibarekuriwe kugirana imirimo y’ubudandaji n’iyo sosiyete.

Ishami ry’isosiyete, PDVSA, rikorera muri Amerika, Citgo, rihingura ibitoro bivuye muri Venezuela rikabigurisha muri Amerika rizobandanya gukora nk'uko bisanzwe. Yamara amafranga iryo shami rironse avuye mu bitoro azoshirwa muri konti yugaye.

Prezida wa Venezuela, Nicholas Maduro, avuga ko Amerika iriko igerageza kwiba iryo shami Citgo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG