Uko wahagera

ONU Isaba Venezuela Kwirinda ko Umutekano Uhungabana


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Antonio Gutteres aragabisha ko igihugu ca Venezuela gishobora kuja mu kaga, mu gihe abanyapolitike bariko bagwanira ubutegetsi batopfundika amasezerano yotuma umutekano udatosekera.

Mw’ijambo yashikirije uyu musi ku wa kane ari mu gisagara ca Devos mu gihugu c’Ubusuwisi hariko habera inama mpuzamakungu yerekeye ubutunzi , umunyamabanga mukuru wa ONU Gutteres yavuze ko yizeye ko ibiganiro bishoboka hagati y’abo bategetsi babiri kugira ngo ntihabe uruhagara rwogeramira abanyagihugu baVenezuela hamwe n’ibihugu bibanyi.

Uruhagara ruri muri ico gihugu co muri Amerika yo mu bumanuko rwariyongeye ejo ku musi wa gatatu. Ni mu nyuma y’aho Prezida Nicolas Maduro atangarije ko ahagaritse imigenderanire na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yafashe iyo ngingo inyuma y’aho Prezida wa Amerika, Donald Trump atangarije ko yemeye icese ko prezida wa Venezuela ari Juan Guaido. Uyu asanzwe ari umukuru w’inama nshingamateka, yaratangaje ko ari we prezida w’imfatakibanza, igihe hariko haraba imyiyerekano y’isinzi ry’abantu. Maduro yaciye asohora itegeko rivuga kw’Abanyamerika bose bava ku butaka bw’igihugu ciwe mu masaha 24.

Yamara umushikiranganji w’imibanire n’amakungu wa Amerika, Mike Pompeo, yaciye atangaza ko Maduro atagifise ububasha bwo gufata ingingo nk’iyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG