Uko wahagera

Venezuela: Perezida Maduro Yahakanye Gutunganya Ayandi Matora


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku ngoro yiwe Caracas, Venezuela, Italiki 25/01/2019.

Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yahakanye ivyo yasavye n’amakungu gutunganya ayandi matora ku musi w’Imana, mu gihe ico gihugu kiri mu bihe vya poritike vyunyuka ku musi ku musi, inyuma y’aho uwutavuga rumwe nawe atangarije ko ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza.

Mu kiganiro yahaye televiziyo CNN cashikirijwe ejo kuw’Imana, Maduro yahakanye igihe ntarengwa c’imisi umunani yahawe n’ibihugu bimwe bimwe vya Bulaya co kuzoba yatunganije ayandi matora, atari uko yemere ko uwutavuga rumwe nawe w’imyaka 35, Juan Guaido ariwe mukuru w’igihugu.

Maduro yagize ati: "Bategerezwa gukuraho ico gihe ntarengwa bashizeho. Nta n’umwe afise uburengenzira bwo kuduha igihe ntarengwa.”

Venezuela catunganjie amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa gatanu itariki 20, umwaka wa 2018. Benshi mu biyandikishije gutora ntibayitavye, bavuze ko ata mwidegemvyo kandi yari ahengamiye ku ruhande rumwe. Benshi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi barabujijwe kwitoza.

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu w’Imana zaragabishije ko hashobora kuba ingaruka ikomeye kuri uwo wese atera ubwoba Guiado canke aba diplomate ba Amerika.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG