Uko wahagera

Perezida wa Venezuela Yahagaritse Imigenderanire na Amerika


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro
Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro

Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yahagaritse imigenderanire ya kidipolomasiya na Reta zunze ubumwe za Amerika yongera aha abakozi ba Ambasade ya Amerika amasaha 72 bazobe bavuye mu gihugu ciwe.

Maduro yabitangaje kuri uyu wa gatatu haheze amasaha make perezida Donald Trump ashikirije ko yemeje Juan Guaido ko ari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza yongera aragabisha bikomeye Maduro.

Trump yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Ntaco turiyumvira gukora ariko kugeza ubu ingingo iyo ariyo yose irashoboka,” mu gihe hatoba kubisikanya mu mahoro muri demokarasi muri Venezuela.

Ivyo Trump yabitangaje haheze umwanya muto Guaido, umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi atangaje ko ariwe perezida, hari mu myiyerekano yabaye mu gihugu cose kuri uyu wa gatatu yiyamiriza Maduro.

Reta zunze ubumwe za Amerika zikeneye ko ibindi bihugu vyemeza Guaido nk’umukuru w’igihugu. Ibihugu nka Argentina, Canada, Chili, Guatemala, Paraguay, na Peru vyemeza ko bizobikora, ariko Bolivia co ngo kizoguma gishikiye Abanyevenezuela na Maduro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG