Uko wahagera

Venezuela: Igihugu Cose mu Myiyerekano Yiyamiriza Maduro


Abakora imyiyerekano muri Venezuela
Abakora imyiyerekano muri Venezuela

Icegera ca perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Mike Pence ahamagarira abanyagihugu muri Venezuela kwumvikanisha akamo kabo mu gihe kuri uyu wa gatatu hategekanijwe imyiyerekano yiyamiriza reta ku rwego rw’igihugu.

Ijambo rya Pence rishigikiye Juan Guaido, umunyepolitike atavuga rumwe na perezida wa Venezuela Nicolas Maduro hamwe na reta yiwe.

Inama nshingamateka, itavuga rumwe n’ubutegetsi, iyo Maduro yashikirije ko itemewe n’amategeko ni yo yatumyeko imyiyerekano yo kuri uyu wa gatatu.

Ku musi wa mbere, umushikiranganji wa Venezueala wo kwivuna abansi yavuze ko abajejwe umutekano bahagaritse abasirikare 27 bagumutse kuri reta ya perezida Nicolas Maduro.

Reta ya Maduro iraremerewe haba mu gihugu hamwe n’amakungu mu gihe atanguye gutwara ikiringo kigira kabiri abatavuga rumwe na reta bavuga ko itemewe n’amategeko.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG