Uko wahagera

Venezuela: Ubufaransa n'Ubwongereza Bashigikiye Juan Guaido


Juan Guaido, arongoye inama nshingamateka ya Venezuela yiyemeje ko ari perezida wa Venezuela.

Ibihugu vy’Ubufaransa n’Ubwongereza ejo kuwa kane vyashikirije ko bishigikiye imyiyerekano y’abanyagihugu igamije gukura perezida wa Venezuela Nicolas Maduro ku butegetsi, mu kuvuga ko atemewe n’amategeko.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron mu butumwa bwa Twitter ejo kuwa kane yashikirije ko ashigikiye ubutwari bw’abanyagihugu ibihumbi amajana muri Venezuela bariko baharanira ubwigenge bwabo.

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi muri Venezuela, akaba ari nawe arongoye inama nshingamateka, Juan Guaido yatangaje kuwa gatatu ko ari we perezida wa Venezuela w’imfatakibanza, aca ashigikirwa na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe na bimwe mu bihugu vyo muri Amerika y’ubumanuko.

Ivyo vyatumye Maduro, ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2013, ahagarika imigenderanire na Amerika yongera asaba abadiplomate 75 ba Amerika kuva mu gihugu ciwe.

Umuryango w’ubumwe ba Bulaya, busanzwe bwarafatiye ibihano Venezuela, babaye barabangira gushigikira Amerika mu kwemeza Juan Guaido nka perezida w’imfatakibanza.







Facebook Forum

XS
SM
MD
LG