Uko wahagera

Perezida Maduro wa Venezuela Arashaka Kuganira n'Abamurwanya


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro mu nama n'abadiplomate bavuye muri Amerika. Caracas, Venezuela itariki 28/01/2019
Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro mu nama n'abadiplomate bavuye muri Amerika. Caracas, Venezuela itariki 28/01/2019

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, avuga ko Prezida wa Venezuela Nicholas Maduro yipfuza kuganira n’abatavuga rumwe nawe kugira batorere inyishu ibibazo vya politike. Yamara Prezida Trump yagabishije abanyamerika kutagendera ico gihugu gushika basubiye kubimenyeshwa.

Prezida Trump yongeye avuga ko kugabisha gufatira ibihano Venezuela harimwo kuzibira amafranga avuye mu bitoro, bisa n’ibiri mu vyatumye Maduro ahindura imvugo. Maduro yatangaje uno musi ku wa gatatu mu gitondo ko ashaka kuganira n’abatavuga rumwe nawe. Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abarusiya, yamenyesheje ko ivyo yabikora ku neza y’abanyavenezuela.

Yamara yatangaje ko ata matora mashasha y’umukuru w’igihugu azoba imbere y’umwaka w’i 2025. Yariyamirije ivyasabwe n’umuyobozi w’abatavuga rumwe na Reta, Juan Guaido, ko haba amatora mashasha.

Juan Guaido yatangaje ko ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza mu ndwi iheze, inyuma yuko inama nshingamateka y’igihugu itangaje ko Nicholas Maduro atari umukuru w’igihugu yemewe.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeye Guaido ko ari we mutegetsi w’imfatakibanza w’igihugu ca Venezuela.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG