Uko wahagera

Canada Yatumyeko Inama yo Gushigikira Juan Guaido


Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Venezuela Juan Guaido yitangaje ko ariwe Perezida w'Igihugu.
Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Venezuela Juan Guaido yitangaje ko ariwe Perezida w'Igihugu.

Igihugu ca Canada kizotunganya inama yihuta y’ibihugu 13 vyo muri Amerika y’epfo bihurikiye mu muryango Lima, yo kuganira ku bibazo vya politike biri muri Venezuela, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Canada ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Chrystia Freeland, ejo kuwa mbere.

Iyo nama itegekanijwe kw’itariki 4 y’ukwezi kwa kabiri i Ottawa, igamije kuganira ku gushigikira uwutavuga rumwe n’ubutegetsi Juan Guiado, aheruka gutangaza ko ari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza wa Venezuela, inyuma y’amatora yabayemwo amahane yatsinzwe na Nicolas Maduro muri 2018, ariko atitabwe na benshi kandi bivugwa ko yabayemwo ubusuma.

Guaido yatumyeko imyiyerekano ku misi ya gatatu na gatandatu muri iyi ndwi mu ntumbero yo kwigarurira abasirikare b’igihugu abakure kuri Maduro.

Guaido yemera ko azogirira imbabazi abasirikare bazoshigikira demokarasi kandi bazohakana reta ya Maduro.

Ku musi w’Imana, Maduro yaranse ikiringo ntarengwa yahawe na bimwe mu bihugu vya Buraya bimusaba gutunganye ayandi matora mu misi umunani, canke yemere ko Guaido ari we mukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG