Umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika John Bolton yagabishije umushikirizamanza mukuru wa Venezuela ko hashobora kuba ingaruka mbi inyuma y’aho asabiye sentare nkuru y’igihugu kubuza Juan Guaido atavuga rumwe n’ubutegetsi kuva mu gihugu.
Bolton mu butumwa bwa Twitter yagize: "Turahakanye ibiriko birakorwa n’uwahoze ari umushikirizamanza mukuru wa Venezuela kandi atemewe n’amategeko mu kubangamira perezida Juan Guaido," Ivyo Bolton yabishikirije ejo kuwa kabiri. Yongeye avuga ko ingaruka zizobangamira abagomba guhamba demokarasi no kubangamira Guaido.
Umushikirizamanza mukuru, Tarek William Saab yasavye kandi sentare guhagarika amafaranga Guaido afitiye mu mabanki, no gutanguza amatohoza ku bikorwa vyiwe bibangamira reta y’abasocialiste ya perezida Nicolas Maduro.
Mu kiganiro yahaye televiziyo CNN ejo kuwa kabiri, Guaido yavuze ko bishoboka ko haba ubutegetsi mfatakibanza mu mahoro no gutunganya ayandi matora mu mwidegemvyo.
Ivyo Guaido yabivuze inyuma y’aho Amerika ifatiye ibihano ikompanyi y’ibitoro PDVSA ya Venezuela ikorera muri Amerika.
Facebook Forum