Uko wahagera

Abatalibani Bigaruriye Ikindi Gisagara Gikomeye muri Afuganistani


Muri ino foto yafashwe mu 2010, Abatalibani bari impande y'inzu ikoreramwo USAID I Kunduz
Muri ino foto yafashwe mu 2010, Abatalibani bari impande y'inzu ikoreramwo USAID I Kunduz

Abarwanyi b’abatalibani bigaruriye inyubako nka zose zegukira Reta ya Afuganistani ziri mu gisagara citwa Kunduz kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

Umushingamateka yatowe muri iyo ntara yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ko ubwoba bw’uko abatalibani bigarurira ico gisagara cose kirimwo abanyagihugu bagera ku bihumbi 270 ari bwinshi.

Rohullah Ahmadzai, avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook we yatangaje ko intego zidasanzwe za Afuganistani zija zashitse muri ico gisagara kandi ko ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira zisubize ibimenyeshamakuru biza biri mu minwe y’abatalibani.

Umuvugizi w’igisirikare ca Afuganistani yemeje ko urugamba rukaze muri ico gisagara bariko baragerageza kubohoza. Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu mu ntara ya Kunduz irimwo ubutare bw'agaciro bwinshi bavuga ko hari ibiziga vy’abantu 14 barimwo abana n’abagore batoye. Abarenga ku 30 bakomeretse bashoboye kubona babatwaye kwa muganga nkuko babandanya kubivuga.

Ibi biriko biba mu gihe ejo ku wa gatandatu, abatalibani bigamvye ko bafashe ikindi gisagara citwa Sheberghan kiri mu ntara ya Jowzan iri mu buraruko bwa Afuganistani. Sheberghan ni umurwa mukuru w’intara ya kabiri wigaruriwe n’abatalibani: ku wa gatanu bafashe igisagara ca Zaranj cegukira intara ya Nimroz ihana urubibe na Irani.

Abatalibani bariko bagwiza ibitero vyabo mu gihe abasirikare mvamakungu barimwo ab’Amerika nka bose batashe inyuma y’imyaka irenga 20 bari bamaze mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Afuganistani. Bitegekanijwe ko bake basigayeyo batahuka bitarenze mu mpera z’uku kwezi kwa munani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG