Uko wahagera

Abatalibani Bemeza ko Bamaze Kwigarurira Ibice 85% vya Afuganistani


Pentagon Kirby Avugira Ibiro Bikuru vya Gisirikare muri Amerika
Pentagon Kirby Avugira Ibiro Bikuru vya Gisirikare muri Amerika

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zitangaza ko zirajwe ishinga n’umuvuduko abatalibani bariko barigarurirako uturere dutandukanye twa Afuganistani. John Kirby avugira ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika, Pentagon, izo mpungenge yazigarutseko mu kiganiro yahaye tereviziyo yo muri Amerika, Fox News, kuri uno wa Mungu. Muri ico kiganiro, uwo mutegetsi yavuze ko hageze ko abasirikare ba Afuganistani barwanira igihugu cabo, bakifatira mu minwe ikibazo c’umutekano wabo.

Abatalibani bemeza ko bamaze kwigarurira ibice 85% vya Afuganistani, naho impande zitandukanye zibibeshuza. Mu kiganiro na Fox News, umuvugizi wa Pentagon ntaco yashimye kuvuga ku bivugwa ko imiriyoni 13 z’abanyagihugu ba Afuganistani ubu baba mu burere bwigaruriwe n’abatalibani.

Abatalibani batangaje ko bigaruriye hafi igihugu cose, mu gihe bitegekanijwe ko intego mvamakungu zirimwo iz’Amerika zari kugarukana amahoro muri ico gihugu kuva mu 2001 zitahuka zose bitarenze igenekerezo rya 31 z’ukwezi kuza kwa munani.

John Kirby avugira ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika, avuga ko naho abasirikare b’igihugu ciwe bagiye gutahuka bose bitazobuza ko babandanya gufasha Afuganistani kwivuna umwansi no kurwanya iterabwoba.

Mu ndwi iheze, Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Joe Biden nawe yashimangiye ko ata gisivya umugambi wo gutahukana inteko ziwe, yongera avuga ko ubumenyi abasirikare ba Afuganistani baronkejwe na bagenzi babo b’Amerika mu myaka irenga 20 bari bamaze muri ico gihugu ata nkeka buzobafasha guhangana n’abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG