Uko wahagera

Ubudagi Bwavanye Abasirikare Babwo Banyuma muri Afuganistani


Abasirikari banyuma b'Ubudage bari muri Afuganistani imbere y'indege yabacyuye
Abasirikari banyuma b'Ubudage bari muri Afuganistani imbere y'indege yabacyuye

Abasirikare banyuma b’Ubudagi bagera ku 250 batahutse ejo ku wa kabiri mw’ijoro, nk’uko vyatangajwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’ico gihugu, Annegret Kramp-Karrenbauer.

Mu butumwa uyo mutegetsi yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yashimiye inteko zigera ku bihumbi 150, zagiye kugarukana amahoro muri Afuganistani kuva mu 2001, azibwira ko zokwishimira ikivi zikukije. Yagarutse kandi ku bagera kuri 59 basize ubuzima mu bitero bitandukanye muri ico gihugu, avuga ko batazokwibagirana.

Bitegekanijwe ko inteko za Reta zunze ubumwe z’Amerika n’iza OTAN zisigaye muri Afuganistani nazo zizoba zatahutse bitarenze itariki ya 11 z’ukwezi kwa cenda uyu mwaka. Ibikorwa nyezina vyo gutahukana abo basirikare bari bamaze imyaka itari mike mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Afuganistani vyatanguye igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa gatanu uyu mwaka nyene.

Umuvugizi w’urwego rujejwe umutekano muri Afuganistani, Rahmatullah Andar, yavuze ko ugutahuka kw’abasirikare b’ibihugu bigize OTAN bidasigura ko ugufashanya hagati y’ivyo bihugu na Afuganistani guca guhagarara. Imwe mu migambi Andar yemeje ko Ubudagi buja bwaramaze gutangura gukora, irimwo ukoronsa inyigisho za gisirikare abajejwe gucungera umutekano wa Afuganistani.

Amwe mu makuru ari muri ino nkuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG