Uko wahagera

Biden: Igikorwa Catwaye Amerika muri Afuganistani Kizohera Kuwa 31 z'Ukwa Munani


Perezida Joe Biden avuga kw'itahuka ry'abasirikare ba Amerika bava muri Afuganistani, muri White House, i Washington, kw'itariki ya 8/07/2021.
Perezida Joe Biden avuga kw'itahuka ry'abasirikare ba Amerika bava muri Afuganistani, muri White House, i Washington, kw'itariki ya 8/07/2021.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze ko ibikorwa vy’abasirikare ba Amerika muri Afuganistani bizorangirana n’itariki ya 31 y’ukwezi kwa munani.

Perezida Biden yavuze ibi kuri uyu wa kane ari ku ngoro ya White House, inyuma y’umubonano yagiranye n’icegera ciwe Kamala Harris hamwe n’abategetsi bajejwe umutekano mu gihugu hagati kuri iryo tahuka ry’abasirikare.

Ku musi wa kabiri, igisirikare ca Amerika catangaje ko gukura abasirikare muri Afuganistani bigeze ku bice 90 kw’ijana. Abategetsi bavuze ko ico gikorwa kizorangira burundu mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu. Inteko za OTAN nazo nyene zirabandanya gutahuka, kandi benshi baza baramaze kuva muri Afuganistani.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, Jen Psaki, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu ko Amerika izobandanya ifasha mu twigoro twa kidipolomasiya mu kurondera umuti w’intambara muri Afghanistani.

Abatalibani baragize intsinzi mu kwigarurira ibice bimwe bimwe vy’igihugu kuva kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa gatanu. Ni igihe Amerika na OTAN batangura gukura abasirikare bagisigaye muri ico gihugu. Abatalibani bamaze kwigarurira amakomine 150 kuyarenga 400 y’ico gihugu. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG