Uko wahagera

Afuganistani: Amerika Yakuye Inteko Zayo Zose mu Kibaza c'Igisirikare ca Bagram


Ingwano muri Afuganistani ishobora kuba mu gihe inteko za Amerika zavuye mu kibanza gikomeye ca gisirikare muri ico gihugu. Izo nteko zavuye muri ico kibanza uno musi ku wa gatanu nk’ukobitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Umutegetsi ajejwe umutekano wa Amerika atashatse ko izina ryiwe rimenyekana ni we yatangaje ko inteko zose z’Abanyamerika hamwe n’inteko z’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, zavuye mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere ca Bagram.

Naho hakiri izindi nteko zitaravanwa mu kindi kibanza ca gisirikare ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul, gukura inteko mu kibanza ca Bagram birangije icese intambra yamaze igihe kirekire cane mu mateka ya Amerika.

Mu kibanza ca gisirikare ca Bagram ni ho igisirikare ca Amerika cakwirikiranira ingwano yo mu kirere hamwe n’ibikorwa vy’inteko zose zari muri Afuganistani.

Umutegetsi muri Afuganistani yamenyesheje ko ico kibanza kizoshikirizwa icese reta y’ico gihugu mu birori bizoba ejo ku musi wa gatandatu.

Abatalibani barashimiye izo nteko kuba zivuye muri ico gihugu. Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihullah Mujahid yatangaje ko ari intambwe nziza, ko Abanyafganistani bazoronka umutekano n’amahoro inyuma y’uko inteko zose zo mu mahanga zivuye mu gihugu.

Yamara abandi Banyafuganistani barafise impungenge ku bijanye n’umutekano mu gihugu cabo. Abantu batari bake baravuye mu bice babamwo, bimwe muri ivyo bice bikaba vyigaruriwe n’Abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG