Uko wahagera

Amerika Irizeza ko Itazugara Ambasade muri Afuganistani


Abamarine ba Amerika bacungereye urwinjiriro rwa Ambasade ya Amerika i Kabul, Afghanistani.
Abamarine ba Amerika bacungereye urwinjiriro rwa Ambasade ya Amerika i Kabul, Afghanistani.

Ambasade ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri Afuganistani yavuze kuri uyu w’Imana ko Amerika ata mugambi ifise wo kwugara iyo ambasade naho ibitero vy’Abatalibani birushiriza kwongerekana mu gihugu. Ni mu gihe inteko za nyuma mvamakungu zirongowe na Amerika ziriko ziratahuka.

Amerika itanze iki cizere inyuma y'amakuru yashikirijwe ko iriko iritegura gutahukana n’abakozi bo muri iyo ambasade y’i Kabul. Ibiro vya Ambasade vyanditse bivuga ko icuguruye kandi ariko izoguma, kandi izogumana abakozi benshi bazobasha gukorana ibikorwa vyose na reta hamwe n’abanyagihugu ba Afuganistani.

Ubwoba mu banyefuganistani bwariyongereye kuva ku musi wa gatanu, igihe abategetsi ba Amerika batangaza ko abasirikare bo mu runani mvamakungu bari mw’ikambi y’i Bagram y’abarwanira mu kirere bavuyeyo bose.

Intwazangabo ya Amerika, Gen. Austin Scott Miller, ahagarariye igikorwa co gutahukana abo basirikare, yavuze ko Abatalibani barushiriza bigarurira uturere kandi biteye ubwoba.

Ku musi wa gatandatu, abasirikare ba reta ya Afuganistani barenga 300 barahunze imirwano i Badakhshan bahungira muri reta ya Tajikistan ihana urubibe na Afuganistani. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG