Uko wahagera

Abatalebani Basaba ko Prezida Ghani Arekura Ubutegetsi


Abashinzwe umutekano barareba imodoka yatwitswe na za roketi mu murwa mukuru Kabul w'Afuganisitani
Abashinzwe umutekano barareba imodoka yatwitswe na za roketi mu murwa mukuru Kabul w'Afuganisitani

Abatalibani batangaje ko kugira haboneke amasezerano y'amahoro muri Afuganistani, Prezida Ashraf Ghani ategerezwa kuva ku butegetsi. Suhail Shasheen avugira abatalibani mu kiganiro cihariye yahaye itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, yavuze ko batifuza kwisangiza ubutegetsi. Yongeye yumvikanisha ko bazoshira ibirwanisho hasi ari uko hashinzwe reta nshasha itarimwo Prezida Ashraf Ghani. Ku ruhande rwiwe, Prezida Ghani akatari gake yavuze ko atazorekura ubutegetsi hatabaye amatora atatura uwo abanyagihugu bitoreye.

Mu gihe abatari bake bafise ubwoba ko abatalibani bagarutse ku butegetsi bohava basubira kwaka uburenganzira bwo kwiga no gukora abapfasoni n’abakobwa nkuko vyari bakiri ku butegetsi haraheze imyaka irenga 20, Shasheen muri ico kiganiro, yahumurije. Yasiguye ko n'iyo bafata ubutegetsi, abapfasoni bazohabwa ikibanza kiboneka haba mu buzi, muri politike no mu mashure. Yemeje ko bazobwirizwa yamara kwama bambaye impuzu ziranga abayisilamukazi, zifuka ibihimba vyabo vyose vy’umubiri kiretse amaso.

Ubushikiranganji bwa gisirikare bw'Amerika, Pentagone, ejo bwaremeje ko abatalibani bigaruriye igice kinini ca Afuganistani. Umukuru w’ingabo z’Amerika Mark Milley yabwiye abemenyeshamakuru ko ukuba uburere bwinshi bwa Afuganistani ubu buri mu minwe y’abatalibani bidasigura yamara ko igisirikare c’ico gihugu caneshejwe. Abatalibani bariko bigarurira Afuganistani mu gihe ibice birenga 95% vy’inteko mvamakungu zirimwo iz’Amerika zari zimaze imyaka irenga 20 muri ico gihugu zimaze gutahuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG