Uko wahagera

USA Izokwakira Izindi Mpunzi za Afuganistani Ibihumbi n'Ibihumbi.


Zimwe mu mpunzi z'Abanyafuganistani
Zimwe mu mpunzi z'Abanyafuganistani

Amerika izokwakira izindi mpunzi z'abanya Afuganistani ibihumbi n'ibihumbi. Ifise impungenge zikomeye ku vyerekeye umutekano w’abakoranye nayo muri Afuganistani mu gihe iriko irangiza ingwano yamaze igihe kirekire muri ico gihugu.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwatangaje ko buzokwagura uburenganzira bw’ukwemererwa bw’impunzi mu bizorenga abantu 20 000 baza bamaze kubisaba.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko bifatiye ku bwicanyi bukorwa n’abatalibani buriko butera bwiyongera, Reta ya Amerika iriko ikora kugira ihe akaryo bamwe mu banya Afuganistani, harimwo abakoranye na Amerika k’ukwakirwa mu gihugu.

Ivyo bizoha akaryo ibihumbi n’ibihumbi vy’abanya Afganistani n’imiyango yabo bashobora kugeramirwa kubera bakoranye na Amerika kwakirwa mu buryo ntabanduka muri ico gihugu.

Amerika izokwakira kandi abandi banya Afganistani bafashije inteko zari ziyobowe na Amerika mu guhindura mu ndimi canke mu bundi buryo. Prezida wa Amerika, Joe Biden yategetse ko inteko z’igihugu ciwe zari zigisigaye muri Afganistani kuba zavuyeyo mu mpera z’uku kwezi kw’umunani. Bizoba birangije ingwano yamaze igihe kirekire cane mu mateka ya Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG