Uko wahagera

Ibitero vy'Abatalibani Vyahagaritse Indege ku Kibuga ca Kandahar


Ishusho ngereranyo y'umutalibani ariko ararasa

Abategetsi muri Afuganistani bemeje ko igisasu co mu bwoko bwa roketi catewe n’abatalibani casambuye uruhande rw’ibarabara indege zururukirako ku kibuga c’indege c'i Kandahar, giherereye mu bumanuko bw’ico gihugu.

Ico gisasu catewe mu gutana mu mitwe kukibandanya hagati y’abatalibani n’abasirikare ba Reta. Indege zose zari kururukira kuri ico kibuga c’indege n’izari kuhahagurukira zaciye zihagarikwa. Igisagara ca Kandahar kirimwo ikibuga c’indege catewe kigira kabiri mu bikomeye muri Afuganistani.

Zabihullah Mujahid avugira abatalibani yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bateye ibisasu vyinnshi kandi bitononye uruhande rwururukirako indege gusa, ahubwo hari n’ibindi vyinshi ivyo bisasu vyononye” kandi ko ari abasirikare babasomborokeje mu kubagabako ibitero vy’indege.

Abatalibani bagirije abasirikare ba Reta ko mu kubatera hari ibisasu barungitse mu mihana y’abasivile, ibindi babimijagira ku bitaro vyigenga, barabibomagura. Uruhande rwa gisirikare rwisiguye ruvuga ko ibitaro bateye babiteye bibaza ko hari abatalibani bariko babivurirwamwo. Uku gutana mu mitwe kubaye mu gihe ubu uburere bwinshi muri Afuganistani buri mu minwe y’abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG