Uko wahagera

Pakistani Ivuga ko Amerika Isize Akajagari muri Afuganistani


Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Imran Khan
Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Imran Khan

Pakistani ivuga ko Amerika yihuse mu gutahukana abasirikare bari bamaze igihe kugarukana amahoro muri ico gihugu, gutyo iba yiyatse inguvu yari ifise mu gushobora gufasha mw'ishirwaho ry'amasezerano y'amahoro.

Mu kiganiro umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Imran Khan, yatanze mu kiganiro ca PBS NewsHour, yavuze ko Amerika yasize akajagari muri Afuganistani. Uwo mutegetsi yasiguye ko Abatalibani batanguye kwigamba intsinzi umusi Amerika n’ibindi bihugu vyo mw’ishirahamwe NATO bitanga itariki yavyo ya nyuma yo kuva muri Afuganistani.

Muri ico kiganiro Khan yabandanije agira ati: “ Ubu biragoye kuzogarukana abatalibani ku meza y’ibiganiro. Abasirikare b’Amerika ntibari gukinjura! Hari hageze ahubwo ko hovugutwa umuti wa politike.”

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Joe Biden, mu ntango z’uku kwezi we yavuze ko batagiye muri Afuganistani gushingayo imizi, hageze ko Afuganistani yifatira mu minwe kazoza kayo, ikibako.

95% y’ingabo z’Amerika zari zimaze imyaka muri Afuganistani ziramaze gutahuka. Biri uku mu gihe uburere bwinshi bw’ico gihugu ubu buri mu minwe y’abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG