Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Izobandaya Ishigikira Inteko za Afuganistani


General Kenneth "Frank" McKenzie arongoye ibiro vya Gisirikare vya Amerika.
General Kenneth "Frank" McKenzie arongoye ibiro vya Gisirikare vya Amerika.

Reta zunze ubumwe za Amerika izobandanya gushigikira abasirikare ba Afuganistani mu kurwanya Abatalibani. Ibi vyashikirijwe kuri uyu w’Imana na Jenerali Kenneth McKenzie, arongoye ibiro vya gisirikare muri Amerika. Ni mu gihe Abatalibani babandanya gusatira n’ibitero mu gihugu cose.

Kuva mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, ibitero vy’Abatalibani ni urutavanako inyuma y’aho abo barwanya reta ya Afuganistani batanguye ibitero, haheze imisi inteko mvamakungu zirongowe na Amerika zitanguye gutahukana abasirikare babo ba nyuma.

Abatalibani barigaruriye amakomine atari make mu gihugu, bafata imihora itari mike ku mbibe bongera bakikuza imirwa mukuru y’intara zitari nke.

General McKenzie yabwiye abamenyeshamakuru i Kabul ku murwa mukuru wa Afuganistani ko Amerika yongereje ibitero vy’indege mu misi iheze, mu gufasha abasirikare ba Afuganistani. Yemeza kandi ko uku gufashanya kuzobandanya mu ndwi ziri imbere mu gihe Abatalibani bobandanya ibitero.

McKenzie aremeza ko imisi iri imbere izoba itoroshe kuri reta ya Afuganistani, ariko ashimika avuga ko Abatalibani bataregereza gutangaza intsinzi. Ibi McKenzie abishikirije mu gihe abategetsi bo mu ntara ya Kandahar iri mu bumanuko bwa Afuganistani bavugiye ko intambara muri iyo ntara yakuye mu zabo imiryango hafi 22 000 mu kwezi guheze. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG