Abatalibani baneguye Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu, kuco bise ukwivanga muvyo muri Afuganistani mu kwimurira abasivile bafashije inteko mvamakungu muri Amerika.
Amerika ku musi wa mbere yaratangaje umugambi uha amahirwe y’ubuhungiro muri Amerika abafashije gusobanuirira abasirikare indimi n’inyandiko hamwe n’imiryango yabo. Amerika hamwe n’inteko za OTAN basigaje indwi zidashika zine ngo bazobe bavuye muri Afuganistani.
Abatalibani bongeye kwiyemeza ko ata munyagihugu bazogirira nabi igihe abasirikare b’abanyamahanga bazovira mu gihugu. Basaba Amerika n’ibindi bihugu guhagarika iyo ngendo yo kubatwara abanyagihugu. Ariko Amerika ivuga ko ata cizere ifitiye Abatalibani kuko ngo biriko biragaragara ko bariko barica abanyagihugu mu turere bamaze kwigarurira.
Imirwano yariyongereye muri Afuganistani mu misi iheze, aho abasirikare ba reta bariko barazibira ibitero vy’abatalibani mu bisagara bikomakomeye. Abatalibani baramaze kwifatira hafi ica kabiri c’amakomine y’igihugu, kuva aho inteko mvamakungu zitanguriye kuva mu gihugu, mu kwezi kwa gatanu. (VOA)
Facebook Forum