Uko wahagera

Afuganistani: Perezida Ghani Yiyemeje Kugarura Umutekano mu Mezi 6


Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani ashikiriza ijambo abashingamateka i Kabul, kw'itariki ya 2/08/2021
Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani ashikiriza ijambo abashingamateka i Kabul, kw'itariki ya 2/08/2021

Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani yatangaje kuri uyu wa mbere ko yatoye umukenyuro wo gutururuza Abatalibani mu bitero vyabo mu gihugu.

Mu gihe hibonekeza ko Abatalibani bariko bariyagurira uturere mu gihugu, Perezida Ashraf Ghani yabwiye abashingamateka ko uwo mukenyuro mushasha muvy’umutekano uzohindura vyihuta ibintu ku rubuga rw’intambara ku buryo mu mezi atandatu umutekano uzoba wagarutse.

Igisirikare kizorwanira gukingira ibibanza bikomakomeye, igiporisi gicungere umutekano mu bisagara, nayo iperereza rikorane n’abanyagihugu bafise ibirwanisho mu kurwanya Abatalibani binyegeza muri bo.

Ni mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika iriko yitegura kuvana abasirikare bayo bagisigaye muri Afuganistani mu mpera z’uku kwezi. Ni yo ntambara Amerika irwanye igihe kirekire.

Perezida Ghani yasavye abashingamateka gufasha guhimiriza abanyagihugu gufasha abajejwe umutekano, kandi avuga ko abatalibani batazigera baja mu biganiro vy’amahoro kiretse habaye igihindutse ku rubuga rw’intambara. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG