Ibiro bikuru vya gisirikare muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika vyemeye ko abatalibani bigaruriye uturere twinshi muri Afuganistani. Umukuru w’ingabo zose z’Amerika, Jenerali Mark Milley, yavuze ko ama district agenzurwa n’abatalibani gushika ino saha ari 212: Ni ukuvuga ko igice ca Afuganistani ubu kiri mu minwe y’abatalibani. Ku ntara 34, bamaze kwigarurira 17 nkuko Pentagone ibandanya ibivuga.
Jenerali Mark Milley mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yaduduriyeko avuga ko amezi ari imbere ari ikizamini canke ikigeragezo kidasanzwe ku ndongozi za Afuganistani. Yagize ati: “ Igice kinini c’igihugu carafashwe”. Milley mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka yari yabwiye abashingamateka b’Amerika ko abatalibani bigaruriye district 81. Bisigura ko kuva ico gihe, ibice bigaruriye vyigwije hafi na gatatu. Gusa, uyo mutegetsi yasiguriye abamenyeshamakuru ko kwemeza ivyo abatalibani bavuga ko abasirikare ba Afuganistani baneshejwe muri uru rugamba vyoba ari amakosa.
Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zemeye ko abatalibani bariko bigarurira Afuganistani kuri uyu muvuduko, inyuma y’amezi abiri n’inusu abasirikare mvamakungu barimwo aba Amerika bari basigaye muri Afuganistani batanguye gutahukanwa. Abategetsi b’Amerika barimwo Prezida Joe Biden bari bavuze ko amahirwe y’uko abatalibani bokwifatira uburere bumwe bumwe ari make cane. Impande zirimwo abaharanira agateka ka zina muntu zo yamara zavuga ko ugutahuka kw’abo basirikare kuzohava gutuma umutekano muke wunyuka muri Afuganistani.
Mu kwezi guheze, zimwe mu nzego z’iperereza z’ibihugu bitavuzwe amazina zari zagabishije muri raporo zahaye ONU zivuga ko abatalibani biteguye kuronka ivyo batahawe n’ibiganiro bitandukanye. Ibice 5% vy’abasirikare b’Amerika basigaye muri Afuganistani bazotahuka bitarenze mu mperza z’ukwezi kuza kwa munani.
Facebook Forum