Abakandida mirongo itatu na batatu bariko bahiganirwa kuyobora igihugu ca Madagascar.
Abarwanya ubutegetsi bitirirwa imirwi irwanya Reta ya Irani, bishwe ejo ku musi wa gatandatu
Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U muri Congo, MONUSCO, vyatangaje kw’ingwano yabereye mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.
Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu muri Congo, vyatangaje kw’izo mpande zibiri zatanye mu mitwe, mu micungararo y’akarere ka Kibumba
Abakandida mirongo itatu na batatu bariko barondera kuba prezida
Ico kinyamugigima catumye haba Tsunami ntoyi, ku nkengera z’ibahari, mu gice co mu buseruko bw’Ubuyapani
Inyuma y’imisi ine y’ibiganiro, abaserukira ishirahamwe O-N-U, muri ivyo biganiro batangaje kw’impande zose zari zumvikanye, ku bibazo umunani ku bibazo cumi na kimwe, mu nteguro y’amasezerano y’amahoro
Abategetsi bo muri Sudani batangaje ko prezida w’igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, na prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, baganira ku ntara itunze ibitoro irimwo amatati ya Abyei.
Iyo bombe yahitanye abantu batandatu, harimwo nyene guturitsa iyo bombe, abandi bantu bager kuri mirongo itatu barakomereka.
Imbere yaho, abantu cumi na babiri barishwe, igihe umwihavyi yari afise amabombe yayaturitsa, mu kibanza abantu bikiza inyota, mu gisagara Balad
Ivyo abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Mali, babitangaje ku musi wa gatandatu, inyuma y’ibiganiro vyabereye, mu gihugu ca Burkina Faso.
Ico gitero cabaye imbere y’ubucagucagu, ahitwa Barawe, muri Somalia
Icegera ca Prezida wa Kenya, Willaim Ruto, yaragutse kwitaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ku musi wa gatatu I La Haye,
Abayobozi b’Aba Demokrate n’Aba Republicains, bo mu mashami y’inama nshingamateka y’Abadepute, na Senat barabonanye, mu mwiherero, na prezida wa Amerika, Barack Obama mu kiringo kigera kw’isaha, mu biro vyiwe, Maison Blanche
Ikigo kijejwe ubushakashatsi, Afrobarometer, catohoje abantu ibihumbi mirongo itanu, mu bihugu mirongo itatu na bine, vyo muri Afrika.
Yavuze kw’uburyo bwonyene bw’ukubuza Irani gukora ibirwanisho ruhonyanganda biciye mu mahoro, ar’ugufatanya ibihano bikomeye, n’ukugabisha gufata ingingo za gisirikare.
Aba Demokrate bo mw’ihsmai ry’inama nshingamateka y’Abadepute, baranebaguye Aba Republicains, mu kuvuga ko barajwe ishinga n’ama parcs, ah’ukurazwa ishinga n’imigambi igenewe kugaburira abana.
Ayo matora abonwa kw’ari intambwe ya nyuma y’igihugu ca Guinee, y’ukuva ku ntwaro y’agahotoro y’igisirikare, kikaja mu ntwaro y’igisivile.
Nta makuru yigenga yemeje ivyerekeye ico gitero
Ivyo Netanyahu yabitangaje, inyuma yuko abonanye na prezida wa Amerika, Barack Obama, mu biro vyiwe, Maison Blanche, ku musi wa mbere.
Voma ibindi