Uko wahagera

Ibiganiro Hagati ya Reta ya Congo, n’Abarwanya Ubutegetsi, bo mu Murwi M23, Vyarahagaze Inyuma yuko Bigize Intambwe


Abaserukira umurwi M23 mu biganiro vy'i Kampala
Abaserukira umurwi M23 mu biganiro vy'i Kampala
Abategetsi baserukira ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, batangaje kw’ibiganiro vy’amahoro hagati ya Reta ya Republika iharanira Demokrasi ya Congo, n’abarwanya ubutegetsi, bo mu murwi M23, vyahagaze imyuma yuko bigize intambwe.

Inyuma y’imisi ine y’ibiganiro, abaserukira ishirahamwe O-N-U, muri ivyo biganiro batangaje kw’impande zose zari zumvikanye, ku bibazo umunani, ku bibazo cumi na kimwe, mu nteguro y’amasezerano y’amahoro. Bamenyesheje kw’impande zose zitarumvikana, ku bibazo vy’ukugirira ikigongwe abarwanya ubutegetsi, kubashira mu nteko z’igihugu, hamwe n’amasezerano, ku bijanye n’umutekano.

Intumwa z’ishirahamwe O-N-U, Martin Kobler, na Mary Robinson, barashikirije amajambo urwego rw’ishirahamwe O-N-U, rujejwe kwubahiriza umtekano kw’isi, hakoreshejwe ubuhinga bwa Video, ku musi wa mbere, inyuma yuko bagiye mu biganiro vy’amahoro, ku murwa mukuru w’igihugu ca Uganda, Kampala.

Kobler, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, muri Republiia miharanira Demokrasi ya Congo, yatangaje ko bibabaje kw’impande zose zitashoboye gushika ku masezerano. Muvyo yatangaje, vyerekeye umurwi M23, yayasvye abarwanya ubutegetsi, bo muri uwo murwi, gutorera inyishu ibibazo bisigaye, bidatevye.

Yongeye kandi avuga ko mu misi ya vuba, inteko zijejwe gucungera umutekano zabonye, ivyo yise ukwiyongera gukomeye kw’inteko, n’ibirwanisho, ku mpande zose, ku rugamba.
XS
SM
MD
LG