Uko wahagera

Igikorwa c’uguharura amajwi caratanguye, mu gihugu ca Madagascar


Abasirikare bariko bubahiriza umutekano hanze y'ikibanza c'ugutoreramwo muri Madagascar.
Abasirikare bariko bubahiriza umutekano hanze y'ikibanza c'ugutoreramwo muri Madagascar.
Igikorwa c’uguharura amajwi caratanguye, mu gihugu ca Madagascar, aho abanyagihugu bagiye mu matora guhitamwo umuprezida wabo wa mbere, kuva habaye coup d’etat, mu mwaka w’2009.

Abakandida mirongo itatu na batatu bariko barondera kuba prezida. Yamara abakwirikirana amatora bavuga kw’ata numwe muri abo bakandida azoronka amajwi ahagije, kugira ntihabe incuro ya kabiri y’amatora, mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Bitegekanijwe kw’ivya nyuma bivuye mu matora bitangazwa, mu misi iri imbere.

Abajejwe gukwirikirana amatora b’abanyamahanga batangaje kw’amatora yo ku musi wa gatanu, muri rusang,i yabaye mu mahoro, kandi kw’ata bibazo bikomeye vyabaye.

Bamwe mu batora baridogeye imirongo miremire.

Igihugu ca Masagascar kiriko kigerageza kwogorora, inyuma ya coup d’etat yatumye ico gihugu kija mu bibazo bikomeye vyerekeye ubutunzi.

Umutegetsi ahari muri iki gihe, Andrry Rajoelina, yafashe ubutegetsi afashijwe n’igisirikare mu mwaka w’2009, catembagaje prezida yari ahari ico gihe, Marc Ravalomanana. Uko ari babiri, baraziririjwe kwitoza mu mabanga y’ukuba prezida.

Madagascar, ni kimwe mu bihugu bikneye cane kw’isi. Ibanki y’isi yose yatangaje kw’ibice 92 kw’ijana vy’abanyagihugu bayo, babayeho mu bukene bukomeye cane.

Akajagari ka politike karanze ico gihugu, mu kiringo c’imyaka ine irangiye, vyatumye ingenzi, n’abanyamitahe bava muri ico gihugu, infashanyo y’abanyamahanga irahagarara.
XS
SM
MD
LG