Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi Bashaka Kwiyonkora ku Gihugu ca Mali, Baragarutse mu Biganiro vy’Amahoro


Aba Tuareg barwanya ubutegetsi bw'igihugu ca Mali
Aba Tuareg barwanya ubutegetsi bw'igihugu ca Mali
Abarwanya ubutegetesi bashaka kwiyonkora ku gihugu ca Mali, batangaje ko bazogaruka mu biganiro na Reta, inyuma y’ikiringo kiri hafi y’indwi bavuye mu biganiro.

Ivyo abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Mali, babitangaje ku musi wa gatandatu, inyuma y’ibiganiro vyabereye, mu gihugu ca Burkina Faso.

Imirwi irwanya ubutegetsi yaragize ibitero bitari bike, kuva ibiganiro bihagaze.

Reta nshasha iriko igerageza kugarukana umutekano, inyuma y’amezi mirongo ibiri na kumwe y’uruhagarara rwarimwo umugumuko w’Aba Tuareg, coup d’etat ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, n’ifatwa ry’uburaruko bw’igihugu ryagizwe n’abarwanyi b’Aba Islamu, hamwe n’ibikorwa vya gisirikare vyayobowe n’Ubufransa, vyari bigenewe gutuza aboa barwanyi, mu bice bari bafashe.
XS
SM
MD
LG