Uko wahagera

Ingwano Yarasubiye Kwaduka Hagati ya Reta ya Congo, n’Umurwi M23


Inteko za Reta ya Congo
Inteko za Reta ya Congo
Ingwano yarasubiye kwaduka, ku musi wa gatanu, hagati ya Reta ya Congo, n’inteko zirwanya ubutegetsi z’umurwi M23, mu buseruko bw’igihugu, imisi mikeyi inyuma yuko ibiganiro vy’amahoro bihagaritswe.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu muri Congo, vyatangaje kw’izo mpande zibiri zatanye mu mitwe, mu micungararo y’akarere ka Kibumba, ku bilometero cumi na bitanu, mu buraruko bw’igisagara ca Goma. Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U bimenyesha ko za mortiers n’inkoho zikomakomeye vyakoreshejwe, kandi kw’abasivile ibihumbi bitanu bajabutse urubibe, bahungira mu Rwanda.

Ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ambassadeur w’igihugu c’Urwanda, Eugene Gasana, yatangaje kw'igisasi gikomeye caguye ku butaka bw’Urwanda.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, Ambassadeur w’Urwanda, Eugene Gasana, yatangaje kw’igihugu ciwe kitazobandanya kwihanganira uruhagarara, ku nkengera z’urubibe rw’igihugu ciwe.

Amenyesha ko babasavye kwigira kure y’urubibe, abaribo bose. Uwariwe wese yabigize, ngo ntibazomureka ngo abandanye. Amenyesha ko baza barabagabishije ko botegerezwa kuja kure y’urubibe rw’Urwanda, kutaza gutera amabombe, ku butaka bw’Urwanda. Ngo nayo ahandi bazokwishura badatevye.

Igisirikare ca Congo, n’umurwi urwanya ubutegetsi M23, biragirizanya ku rwagize ibitero ubwa mbere.
XS
SM
MD
LG