Abanyashule cumi n’umunani, canke barenga, bariko baravurwa ibikomere, mu bitario vyo ku murwa mukuru w’intara ya Yobe, Damataru
Mu ndwi iheze, abarwanya ubutegetsi b’Aba Tuareg, baravuye mu biganiro vy’amahoro na Reta y’igihugu ca Mali.
Igitero camaze imisi ine, mu kibanza ca Westgate Mall, cahitanye abantu mirongo irindwi na babiri, harimwo abantu batanu bagize ico gitero.
Inteko z’igihugu ca Kenya ziriko zirondera imitego y’amabombe, canke abarwanyi bashobora kuba bacihishije, mu kibanza ca Westgate Mall.
Abategetsi ba Reta y’igihugu ca Kenya batangaje, ku musi wa mbere, kw’igisirikare cigaruriye ibice vyose vy’ikibanza ca, Westgate Mall
Abategetsi ba Amerika, n’Uburusiya barumvikanye, mu mpera z’indwi iheze, ku mugambi ugenewe guhagarika progamra y’igihugu ca Syria, yerekeye ibirwanisho vyicisha imyuka
Umurwi al-Sahabab, ntiwemeje buno nyene iyicwa rya Hammami, ku kibanza cawo ca Twitter,
Iri n’irya mbere sentare mpuzamakungu mpanavyaha icira urubanza umutegetsi akomeye akiri mu mabanga yiwe.
Ibrahim Boubacar Keita yaronse mirongo irindwi n’indwi n’ibice bitandatu kw’ijana vy’amajwi.
Abajejwe kurwanya imiriro, bakoresheje ingazi, kugira bafashe abantu kuva mu mazu yabo.
Abategetsi b’igihugu ca Misiri, bagirije umurwi, Muslim Brothehood, n’abashigikiye Morsi, iterabwoba, n’ukugeramira Reta.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Bresil, Antonio Patriota, yatangaje kw'ibikorwa vya Amerika, vy’ugusuma urusaku, bigeramira ugukorana hagati ya Amerika na Bresil
Uruhagarara rwatanguy,e igihe abashigikiye Morsi amajana n’amajana, batera bagana inyubakwa z’ubushikiranganji zitari nke za Reta nfatakibanza ishigikiwe n’igisirikare
Abanyororo bashizwe mu mabus, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kabiri, kugira bajanwe imuhira iwabo, mu ntara za Gaza, na Cisjordaniya
Abategetsi bajejwe amatora ntibasohoye ivyavuye, mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu ,yabaye ku musi w’Imana muri Mali
Bitegekanijwe kw’abajejwe ibiganiro b’igihugu ca Israel, n’abaserukira Abanya Palestina, babandanya ibiganiro vy’amahoro, ejo ku musi wa gatatu, mu gisagara ca Yeruzalemu
Inzego z’ubutungane zatangaje, ejo ku musi wa mbere, ko zongereje ikiringo c’ugupfungwa kwa Morsi, imisi cumi n’itanu
Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rimenyesha kw’inzu ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu, zasambutse canke zirononekara
Ibrahim Boubacar Keita, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, ariko ahiganwa na Soumaila Cisse, yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega
Inteko zijejwe umutekano ziza gutangura gukikuza ibibanza, birimwo abagira imyiyerekano, uno musi ku wa mbere.
Voma ibindi