Abantu cumi n’umunani, canke barenga, barishwe, abandi barenga amajana abiri barakomereka, ejo ku musi wa kane, mu gitero ca bombe yari yatezwe mu modoka, cabereye mu gice kiri ku nkengera z’umurwa mukuru w’igihugu ca Libani, Beirut, kigenzurwa n’umurwi w’abarwanyi b’Aba Shi’ite, Hezbollah.
Amasanamu ya televiziyo, yerekanye abantu biruka mu mpande zose bakomeretse, inyubakwa zasambutse, imodoka ziriko rirasha, mu gihe televiziyo yo ku murwa mukuru, Beirut.
Yatangaje ko habaye ukurasana hafi y’aho iyo bombe yaturikiye.
Abajejwe kurwanya imiriro, bakoresheje ingazi, kugira bafashe abantu kuva mu mazu yabo.
Ico gitero kigira kabiri muri ico kibanza nyene, kuva abarwanyi b’umurwi Hezbollah bafatanije inguvu, mu ntango z’uyu mwaka, na prezida w’igihugu ca Syria, Bashar al-Assad, mu rugamba rw’ukurwanya abarwanya ubutegetsi bwa Syria, bayobowe n’Aba Sunni.
Abategetsi b’igihugu ca Libani bariyamirije, ejo ku musi wa kane, igitero c’ejo ku musi wa kane.