Uko wahagera

Inteko z’Igihugu ca Kenya Ziriko, Zirahiga Abantu Bitwaje Ibirwanisho, Bagize Igitero mu Kibanza ca Westgate Mall, i Nairobi


Abajejwe gufasha abantu mu buryo bwihutirwa mu vyerekeye ubuvuzi bariko barahunga inyuma yuko inkoho zasanye hanze y'ikibanza ca Westgate Mall i Nairobi, muri Kenya.
Abajejwe gufasha abantu mu buryo bwihutirwa mu vyerekeye ubuvuzi bariko barahunga inyuma yuko inkoho zasanye hanze y'ikibanza ca Westgate Mall i Nairobi, muri Kenya.
Abategetsi b’igihugu ca Kenya batangaza kw’inteko z’igihugu ziriko zirondera abagizwe imbohe, n’abantu bitwaje ibirwanisho, mu kibanza kirimwo amamangazini menshi, ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi, aho intagondwa z’Aba Islamu zishe abantu, bari baje gusuma muri ivyo bibanza, kuva musi wa gatandatu uheze.

Abategetsi ba Reta y’igihugu ca Kenya batangaje, ku musi wa mbere, kw’igisirikare cigaruriye ibice vyose vy’ico kibanza, Westgate Mall, kandi ko catabaye igitigiri kitatangajwe c’abagizwe imbohe. Yamara bamwe mu bitwaje ibirwanisho bagize ico gitero ntibarafatwa.

Yamara ukugene ibintu vyari vyifashe, ku mugoroba wo ku musi ku wa mbere ntivyari bitomoye, umwotsi waraboneka hejuru y’ikibanza ca Westgate Mall, mu kiringo c’amasaha atari make, mu gihe amabombe, n’amasasi vyumvikaye, mu masaha y’inyuma y'isaha zitandatu zo ku mutaga.

Umurwi w’iterabwoba, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero, co ku musi wa gatandatu, i Nairobi, mu kuvuga ko kwari kwihora, ku bikorwa vya gisirikare vy’igihugu ca Kenya, muri Somalia.

Uwo murwi ukaba usaba kw’inteko zose z’igihugu ca Kenya ziva muri Somalia, ibintu Reta y’igihugu ca Kenya yiyamiriza.

Inteko z’igihugu ca Kenya zatanguye kwishura, ku gitero cagizwe mu kibanza kirimwo amamangazini menshi, Westgate Mall, ku mugoroma wo ku musi w’Imana.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, rikorera mu gihugu ca Kenya, ryamenyesheje kw’igitigiri c’abapfuye ari mirongo itandatu n’icenda, mu gihe abantu ijana na mirongo irindwi na batanu bakomeretse, abandi mirongo itandatu na batanu canke barenga irengero ryabo rikaba ritazwi.
XS
SM
MD
LG