Igihugu ca Israel caratanguye kurekura abanyororo b’Abanya Palestina, mirongo ibiri na batandatu, bamaze igihe bapfunzwe, amasaha makeyi imbere yuko ibiganiro vy’amahoro, hagati ya Israel n’Abanya Palestina, bisubira kubandanya.
Abanyororo bashizwe mu mabus, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kabiri, kugira bajanwe imuhira iwabo, mu ntara za Gaza na Cisjordaniya.
Inshuti zabo zari zuzuye akamwemwe, na Prezida w’Abanya Palestina, Mahmoud Abbas, barahayagije abo banyororo, mu kuvuga kw’ari intwari.
Abanya Palestina, bariko bagira imyiyerekano, barateye amabuye kw’ibohero abo banyororo bari bapfungiwemwo.
Igipolisi cishuye, mu kurasa imyuka ibabaza mu maso. Nta makuru yerekeye abakomeretse yatangajwe.
Benshi muri abo banyororo bapfunzwe ,mu mpera y’imyaka y’1980, no mu ntango z’imyaka y’1990, bagirizwa ubwicanyi, n’ukugerageza kugandagura Abanya Israel, n’abikekwa kw’ari Abanya Palestina bakorana na Israel.
Sentare kizigenza y’igihugu ca Israel, yariyamirije ivyasabwe, ku munuta wa nyuma, n'imwe mu miryango yasinzikajwe n’ubwicanyi bw’abo banyororo, vy’ukutabarekura.
Batangaje ku kurekura abo banyororo, ari guha impera iterabwoba.
Iyo sentare yatangaje ko yumva iyo miryango, ko yamara idashobora kwisuka mu vyerekeye ingingo yafashwe na Reta.