Uko wahagera

Imvura Nyinshi Cane n’Umwuzurane w’Amazi Vyarageramiye Sudani


Ikarata y'igihugu ca Sudani
Ikarata y'igihugu ca Sudani
Imvura nyinshi cane n’umzuzurane w’amazi, vyahitanye abantu cumi na batanu canke barenga, vyongera bigeramira abantu bagera ku bihumbi ijana na mirongo itanu, mu ndwi iheze.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rimenyesha kw’inzu ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu, zasambutse canke zirononekara.

Inzu nyinshi zarasambutse, canke zirononekara bikomeye, hafi y’umurwa mukuru wa Sudani, Kartoum, bitewe n’imvura ikomeye cane.

Intara ya Nil yo mu buraruko, niyo yageramiwe bikomeye kurushiriza, yamara izindi ntara zitari nke nazo nyene zarabayemwo umwuzurane w’amazi.

Abanya Sudani batari bake baba mu mazu ashobora gutwarwa n’amazi, mu buryo bworoshe.

Ababa mu mazu agihagaze bashize ivyo batunze hanze, kubera amazi.

Imvura yatanguye kurwa, mu ntango z’uku kwezi kw’umunani, ikaba ibwonwa kw’izobandanya, mu gihe kitari gito.
.
XS
SM
MD
LG