Ishirahamwe riharanira iziririzwa ry’ ibirwanisho vyicisha imyuka, “The Organization for the Prohibition of Chemical Weapons”, ryamenyesheje ko ryaronse itangazo rya mbere ry’igihugu ca Syria, ku birwanisho vyicisha imyuka, ico gihugu gifise mu bubiko.
Iryo shirahamwe ryatengaje ko Reta y’igihugu ca Syria yishikirije igitigiri ca mbere, c’ivyo birwanisho, ejo ku musi wa kane.
Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, ku wa gatanu, umuvuguzi w’ishirahamwe, “The Organization for the Prohibition of Chemical Weapons”, Michael Luhan, yamenyesheje kw'iryo shirahamwe ryiteze kuronka ayandi makuru, yerekeye ibirwanisho vyicisha imyuka, vy’igihugu ca Syria, mu mpera z’iyi ndwi.
Abategetsi ba Amerika, n’Uburusiya, barumvikanye, mu mpera z’indwi iheze, ku mugambi ugenewe guhagarika progama y’igihugu ca Syria, yerekeye ibirwanisho vyicisha imyuka, warimwo ikiringo ntarengwako, c’indwi imwe, kuri Syria, kugira ibe yashikirije urutonde rwose, rw’ivyo birwanisho.