Uko wahagera

Reta y’Igihugu ca Mali, Yaremeje Intsinzi Ikomeye, mu Matora ya Prezida Mushasha


Prezida mushasha w'igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita
Prezida mushasha w'igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita
Reta y’igihugu ca Mali, yaremeje ko Ibrahim Boubacar Keita, yatsinze n’amajwi menshi, mu ncuro ya kabiri, y’amatora y’umukuru w’igihugu, yabaye ku musi w’Imana muri Mali.

Reta y’igihugu ca Mali yashikirije ibiharuro, ejo ku musi wa kane, vyerekana ko Ibrahim Boubacar Keita, yaronse mirongo irindwi n’indwi n’ibice bitandatu kw’ijana vy’amajwi.

Uwo bahiganwa, Soumaila Cissse, yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega, yatsinze n’ibirenga gatoyi ibice mirongo ibiri na bibiri kw’ijana vy’amajwi.

Cisse, aza yaremeye ko yatsinzwe mu matora.

Iyemezwa ry’intsinzi ya Keita, bikwirikiye itangazo rivuga kw'umusirikare yayoboye coup d’etet yo mu kwezi kwa gatatu, mu mwaka w’2012, Amadou Sanogo, yongewe amapete.

Ku musi wa gatatu, abategetsi b’igisirikare batangaje ko Reta nfatakibanza yahaye Amadou Sanogo, itete y’ubugenerali.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, yaranebaguye iyo ngingo.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rigahts Watch, ryatangaje ko Sanogo, ah’uguhabwa agashimwe, yari kwiye gutohozwa, ku vyuko yagize uruhara mu mabi akomeye afatiye kuri coup d’etat yakozwe.
.
XS
SM
MD
LG