Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Bresil, Antonio Patriota, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zitegerezwa guhagarika inyifato irenga, ku bwigenge bw’igihugu ca Bresil.
Patriota, yarabonanye na Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, ku murwa mukuru wa Brezil, Brasilia, ejo ku musi wa kabiri, aho bavuganye, ku vyerekeye impungenge, ku mugambi wa Reta ya Amerika, udahuriweko na bose, w’ugusuma urusaku.
Harabaye amakenga mashasha, inyuma yuko ikinyamakuru co mu gihugu ca Bresil, O Globo, giherutse kugatanza kw’ibiroro bijejwe gusuma urusaku vya Amerika, National Security Agency, vyashize Colombia na Bresi, ku rutonde rw'ibihugu, aho ivyo biro vyumvirije amatelefone, vyongera bikirikirana, uguhanahahna amakuru, ku bibanza vya internet, muri ivyo bihugu, mu rugamba rwa Amerika, rw’ukurwanya iterabwoba.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Bresil, Antonio Patriota, yatangaje kw'ibikorwa vya Amerika, vy’ugusuma urusaku, bigeramira ugukorana hagati ya Amerika na Bresil, hamwe n’ukwizigirana hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Kerry, yatangaje kw’igihugu ca Bresil gikeneye inyishu, kandi ko kizoronka izo nyishu.
Yatangaje kw’umugambi wa Amerika, w’ukwumviriza amatelefone, n’ugukwirikirana ibibanza vya Internet, vyafashije gukingira Abanyamerika, n’Abanya Bresil.
Yamenyesheje, kw’wuwo mugambi uciye, mu mategeko, kandi kw’ukwirikiranwa na Reta.