Uko wahagera

Umukandida, mu Matora y’Umukuru w’Igihugu, muri Mali, Soumaila Cisse, Yaremeye ko Yatsinzwe, na Ibrahim Boubacar Keita


Soumaila Cisse, na Ibrahim Boubacar Keita
Soumaila Cisse, na Ibrahim Boubacar Keita
Umukandida, mu matora y’umukuru w’igihugu muri Mali, Soumaila Cisse, yaremeye ko yatsinzwe mu ncuro ya kabiri y’amatora, akaba yarakeje uwo bahiganwa, Ibrahim Boubacar Keita ,ku ntsinzi yiwe mu matora.

Umuvugizi w’umugambwe wa Cisse, yabwiye Ijwi rya Amerika, mu masaha yo ku muhingamo, ejo ku musi wa mbere, ko Cisse yagiye I Muhira kwa Keita, ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako, kumukeza.

Abategetsi bajejwe amatora, ntibasohoye ivyavuye mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu, yabaye ku musi w’Imana, muri Mali. Bari bamyenyesheje kw’ibivuye mu matora vy’agatekanyo vyari gutangazwa, ejo ku musi wa gatatu.

Amatora y’umukuru w’igihugu, muri Mali, yarimwo abakandida babiri bahaiganwa, Ibrahim Boubacar Keita, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, na Soumaila Cisse ,yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega, inyuma yuko ata numwe muribo atsinze n’amajwi ahagije, mu ncuro ya mbere y’amatora yabaye, mu kwezi guheze.

Abajejwe gukwirikirana amatora, baserukira ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, n’abaserukira ishirahamwe, mu vyerekeye ubutunzi ,ry’iibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, batangaje, ejo ku musi wa mbere, kw’incuro ya kabiri y’amatora yagenze neza.
XS
SM
MD
LG