Uko wahagera

Abanya Mali Baragiye mu Matora y’Umukuru w’Igihugu, Ejo ku Musi w’Imana


Abakandida bahiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu muri Mali, Soumaila Cisse, na Ibrahim Boubacar Keita
Abakandida bahiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu muri Mali, Soumaila Cisse, na Ibrahim Boubacar Keita
Abanya Mali baragiye mu matora, ejo ku musi w’Imana, guhitamwo umukuru w’igihugu, mu ncuro ya kabiri y’amatora, azokura igihugu ca Mali, mu ruhagarara rwa politike rumaze igihe.

Ibrahim Boubacar Keita, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, ariko ahiganwa na Soumaila Cisseyahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega, mu matora bamwe mu bakwirikirana ibintu, bavuga kw’ashobora guhindura ibintu muri Mali.

Imvura nyinshi cane, ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, yaragize ingaruka, ku gitigiri c’abitavye amatora, mu gitondo c’ejo ku musi w’Imana, yamara ikirere carabaye neza mu masaha yo ku mutaga, mu vyatumye abandi Banya Mali baja, mu bibanza vy’amatora.

Keita, niwe yari yaronse amajwi menshi, mu ncuro ya mbere y’amatora, yabaye kw’italiki mirongo ibiri n’umunani z’ukwezi kw’indwi, aho yaronse hafi y’ibice mirongo ine kw’ijana vy’amajwi, mu gihe Cisse yaronse musi y’ibice mirongo ibiri kw’ijana vy’amajwi.

Vyitezwe kw’ibizoba vyavuye, mu matora y’ejo ku musi w’Imana, bizomenyekana imbere yo ku musi wa gatanu.
XS
SM
MD
LG