Uko wahagera

Reta y’Igihugu ca Misiri Yaragabishije Kurasa Abagira Imyiyerekano


Prezida wa Amerika, Barack Obama, ariko ashikiriza ijambo, ku bwicanyi mu gihugu ca Misiri.
Prezida wa Amerika, Barack Obama, ariko ashikiriza ijambo, ku bwicanyi mu gihugu ca Misiri.
Igipiolisi, mu gihugu ca Misiri, kiriko kigabisha gukoresha inkoho zikoresha insoro z’ukuri, kugira bikingire abari mu myiyerekano, y’ukwiyamiriza Reta y’igihugu ca Misiri, batangaza ko batazoheba urugamba.

Umurwi, Muslim Brotherhood, usaba ko prezida yakuwe ku butegetsi mu Misiri, Mohamed Morsi, asubizwa ku butegetsi, uriko urihoza Reta nfatakibanza, mu gusaba iyindi myiyerekano ikomeye, uno musi ku wa gatanu.

Abategetsi b’igihugu ca Misiri, bagirije umurwi, Muslim Brothehood, n’abashigikiye Morsi, iterabwoba n’ukugeramira Reta.

Abashigikiye umurwi, Muslim Brotherhood, bavuga kw’igihugu kiriko gisusbira, mu ntwaro y’agahotoro ya gisirikare.

Igipolisi c’igihugu ca Misiri, cakoresheje inkoho, ibimodoka vya blinde ,n’ama bulldozers, kugira basambure ibibanza bibiri bikomeye vyarimwo abagira imyiyerekano, ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo, ku musi wa gatatu.

Igitigiri catangajwe, c’abahitanywe n’ubwicanyi ,kigeze ku bantu amajana atanu na mirongo irindwi n’umunani, yamara umurwi, Muslim Brotherhood, umenyesha kw’abamaze gupfa bavugira mu bihumbi.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarasisbishije imyimenyerezo ya gisirikar,e yari itegekanijwe, mu kwezi kuza, mu gihugu ca Misiri, igikintu igihugu ca Misiri cari kirindiransye igishika cinshi.
.
XS
SM
MD
LG