Uko wahagera

Abashigikiye Mohamed Morsi, n’Abatamushigikiye, Baratanye mu Mitwe, ku Murwa Mukuru wa Misiri, Cairo


Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu Misiri, Mohamed Morsi bafise amasanamu yiwe
Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu Misiri, Mohamed Morsi bafise amasanamu yiwe
Igipolisi c’igihugu ca Misiri, cararashe imyuka ibabaza mu maso, ku murwa mukuru, Cairo, kugira gihagarike uguhangana, mu mabarabara hagati y’abashigikiye n’abadashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, Mohamed Morsi.

Abategetsi n’ivyabona, batangaje kw’uruhagarara rwatanguye, ejo ku musi wa kabiri, igihe abashigikiye Morsi amajana n’amajana batera bagana inyubakwa z’ubushikiranganji zitari nke, za Reta nfatakibanza ishigikiwe n’igisirikare, yashizweho inyuma yuko igisirikare gikuye Morsi ku butegetsi, kw’italiki zitatu z’ukwezi kw’indwi.

Abashigikiye ikurwa ku butegetsi rya Morsi, barateye amabuye ku bamushigikiye, bariko batera baja ku nyubakwa y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati.

Abashigikiye Morsi, bishuye mu gutera amabuye abatamushigikiye.

Igipolisi cararashe imyuka ibabaza mu maso, kugira kigerageze kugarukana umutekano.
XS
SM
MD
LG