Uko wahagera

Igihugu ca Misiri Carongereje Ikiringo c’Ugupfungwa, kwa Mohamed Morsi


Abashigikiye Mohamed Morsi yahoze ari prezida w'igihugu ca Misiri
Abashigikiye Mohamed Morsi yahoze ari prezida w'igihugu ca Misiri
Reta nfatakibanza mu gihugu ca Misiri, yarongereje ikiringo c’ipfungwa rya Mohamed Morsi, yahoze ari prezida w’igihugu ca Misiri, iyo Reta yakuye ku butegetsi mu kwezi guheze, ingingo yatumye uruhagarara rwa politike rukomera kurushiriza.

Inzego z’ubutungane zatangaje, ejo ku musi wa mbere, ko zongereje ikiringo c’ugupfungwa kwa Morsi, imisi cumi n’itanu, kugira habe itohozwa ry’ivyagirozo kw’umurwi w’abarwanyi w’Abanya Palestina, Hamas wamufashije.

Abategets b’igihugu ca Misir,i bagumije Morsi mu mvuto, kuva akuwe ku butegetsi, kw’italiki zitatu z’ukwezi kwa gatatu. Abashigikiye Morsi bakoraniye, mu bibanza bibiri, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Cairo, mu kiringo kirenga ukwezi, aho bariko basaba kw’asubizwa ku butegetsi.

Abategetsi ba Reta nfatakibanza, mu Misiri baragabishije, haraheze imisi, ku ngingo bimirije gufata y’ugukura abo bantu bashigikiye Morsi, muri ivyo bibanza, yamara ico gikorwa nticari bwatangure, ejo ku muhingamo.
XS
SM
MD
LG