Uko wahagera

Abasirikare b’Igihugu ca Mali bararwanye n’aba Tuareg Bashaka Kwiyonkora ku Gihugu


Balloons of the art installation "Lichtgrenze 2014" fly away in front of Brandenburg Gate during the central event commemorating the fall of the Wall in Berlin, Germany, Nov. 9, 2014.
Balloons of the art installation "Lichtgrenze 2014" fly away in front of Brandenburg Gate during the central event commemorating the fall of the Wall in Berlin, Germany, Nov. 9, 2014.
Abasirikare b’igihugu ca Mali, n’abarwanya ubutegetsi, bashaka kwiyonkora kuri Mali, bararasanye n’ibirwanisho bikomeye, mu gisagara ca Kidal, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, ku musi w’Imana, mu gihe ugutana mu mitwe kwasubiye kwaduka, inyuma yuko abarwanya ubutegetsi barenze ku masezerano y’uguhagarika ingwano, na Reta y’igihugu ca Mali.

Abategetsi bajejwe umutekano, bo muri ako karere, ntibamenyesheje nimba hari abishwe muri ukwo gutana mu mitwe.

Ukwo gutana mu mitwe kwabaye umusi umwe inyuma yuko igitero ca bombe c’umwihevyi gihitanye abantu bane canke barenga, abandi batari bake barakomereka, hafi y’ikambi y’igisirikare, mu gisagara ca Tombuktu.

Mu ndwi iheze, abarwanya ubutegetsi b’Aba Tuareg, bashaka kwiyonkora ku gihugu ca Mali, baravuye mu biganiro vy’amahoro na Reta y’igihugu ca Mali.

Prezida mushasha w’igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita, yashikiye amabanga y’ukuyobora igihugu ca Mali mu kwezi kw’umunani, yatangaje ko kugarukana amahoro n’umutekano arico kintu azoshimikirako kurusha ibindi.
XS
SM
MD
LG