Uko wahagera

Ugutana mu Mitwe Gushasha, Kwarabandanije, Hagati ya Reta ya Congo, n’Umurwi M23, mu Buseruko bw’Igihugu


Abarwanyi b'umuwi M23 mu mihana yo mu karere ka Nyarucinya mu buseruko bwa Congo
Abarwanyi b'umuwi M23 mu mihana yo mu karere ka Nyarucinya mu buseruko bwa Congo
Ugutana mu mitwe hagati y’inteko za Reta ya Congo, n’abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23, kwarabaye umusi ugira kabiri, mu bice vyo mu buseruko bwa Congo.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U muri Congo, MONUSCO, vyatangaje kw’ingwano yabereye mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, umuvugizi w’ibiro MONUSCO, yatangaje kw’ukwo gutana mu mitwe kwabandanije, ejo ku musi wa gatandatu, inyuma y’agahengwe mu ntango z’umusi w’ejo.

Ingwano yasubiye kwaduka inyuma yuko ibiganiro vy’amahoro hagati ya Reta ya Congo n’umurwi M23 bihagaze.

Ibiganiro mu gihugu ca Uganda vyarahagagaze, ku musi wa mber,e inyuma yuko izo mpande zibiri zidashoboye gushika ku masezerano, ku vyerekeye kugirira ikigongwe abarwanya ubutegetsi, n’ukubasubiza mu gisirikare ca Reta.

Igisirikare ca Reta ya Congo, n’umurwi M23, biragirizanya kuwatanguye ibitero vya mbere.

Departement ya Reta ya Amerika, itangaza kw’itewe amakenga n’ingwano nshasha yasubiye kwaduka. Itangazo ryayo ryasavye impande zose gusubira mu biganiro, kugira zirengere ibibazo bigisigaye, kugira zitere igikumu, ku masezerano y’amahoro ya nyuma yotuma ingwano ihagarara ku buryo ntabanduka.
XS
SM
MD
LG