Uko wahagera

IIrani Yaramanitse Abarwanya Unutegetsi Cumi na Batandatu

Carabiniers of Monaco's Prince Albert II fire canons to announce the birth of twins of Prince Albert II and Charlene, in front of the Monaco Palace. Princess Charlene gave birth to a boy and a girl, the royal couple's first children, an aide to the royals said. According to Monaco's Constitution the boy, named Jacques, will be first-in-line to the throne, and not his twin sister, Gabriella.

Umutegetsi mu mu gisata c’ubutungane, mu gihugu ca Irani, yatangaje kw’abategetsi b’igihugu ca Irani bamanitse abarwanya ubutegetsi cumi na batandatu, amasaha makeyi inyuma yuko abantu bitwaje ibirwanisho bateze, bongera bica abanya Irani cumi na bane bararira imbibe.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu gihugu ca Irani, Fars, ryasubiyemwo uwo mutegetsi avuga kw’abarwanya ubutegetsi bitirirwa imirwi irwanya Reta ya Irani, bishwe ejo ku musi wa gatandatu, mu kwishura ku gitero cagizwe ku bannya Irani cumi na bane bajejwe kurarira imbibe.

Nta biyiritiye buno nyene iyicwa ry’abo banya Irani bararira imbibe, ryabereye hanze y’ahitwa Saravan, mu ntara irimwo imitumba hafi y’igihugu ca Pakistani.

Ico gitero cabereye mu gice gikoreshwa n’abacuruza ibiyayura umutwe. Abategetsi bavurwa ko bariko baratohoza nimba uwo mutego wagizwe n’abacuruza ibiyayura umutw,e canke abarwanya ubutegetsi.

Igihugu ca Irani gikoreshwa nk’inzira ikomeye y’ibiyarura umutwe, biva mu gihugu ca Afghanistani, vyinshi murivyo biba bigenewe kuja, mu bihugu vy’I Bulaya.
XS
SM
MD
LG